homepagekirundiWorld News

Jack Bauer ashobora gusubira gukina muri 24h chrono Saison y’10

Icizere ni cose ko 24h chrono ishobora gusubira kandi gukinywa, ariko hakibazwa nimba Jack Bauer azohava asubira gukina

Ireresi abantu batari bake bakunze cane, 24h chrono ngo yoba igiye kandi gusubira gukinywa, noneho hakaboneka Saison y’10. Ivyo n’ibiriko bishikirizwa n’ibinyamakuru bitandukanye bikurikiranira hafi ivy’amareresi akomakomeye.

Umukuru wa Fox Entertaiment, ariyo yakinishije izo Saison zose uko ari 9, Michael Thorn aganira n’ikinyamakuru Deadline, ngo yavuze ko icizere gihari ko ishobora gusubira gukinywa. Ariko agobora ko bakiri mu biganiro na 20 century Fox tv kugira haboneke ikindi gikorwa.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe ngo muri uno mwaka wa 2019 mu ntango, hari havuzwe ko hoba hari izindi nkurikirane, Séries, zivuga kuri Jack Bauer uburyo yatanguye akazi zoba ziriko ziriyumvirwako. Ariko urwo ruganda rusanzwe rutunganya amareresi ntirwabiha agaciro.

Gushika ubu hakibazwa nimba Kiefer Sutherland, Jack Bauer, azobasha gukina muri iryo reresi ubona ko n’imyaka isa n’iyimujanye.

Mwokwibuka ko iryo reresi igice c’9, saison 9, casohotse mu mwaka wa 2014, inyuma y’imyaka 4 hakinywe igice cayo 8, Saison 8.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755