homepagekirundiyouth

#indundi|Kacaman Darcy| Ngo kuberiki twigira abiyorobetsi?

Hifashishijwe ijambo RIP Kacaman Darcy n’utundi tujambo womengo twamukunda cane, iryo niryo jambo ritangurira agashavu Kava kumuhinyanyuzi w’amasanamu Chançard.

Chancard agerekako n’indahiro ati:” Ndabarahiye umuriro uzoduturira bazowucana na Esance hamwe  n’ibizuku kandi ntuzokwigera uzima.”

Ngo iyo ariko araraba ama foto ari k’umbuga ngurukanabumenyi avuga urupfu rwa Darcy, aribaza igituma dukunda umuntu ari uko agiye, kuberiki tubibuka aruko batakihari, hoho urwo rukundo rwa mu mpekure rizohera ryari?

 

Nk’umuntu yarazi neza Darcy yibajije ikibazo ati: “Mbega igihe yaragorewe mu Magarama agenda asabiriza muri mwebwe ninde yamuhaye n’amazi yo kunwa?, bangahe bagerageje gusanzaza ama video(partage des video) kugira amenyekane?,”

 

Abimana Chançard abanje gusaba imbabazi agira ati :”Reka ndenge akarimbi mvuge kubatanga amakuru ku mbuga ngurukana bumenyi(Media en ligne) nka Akeza.net kumwe na Jimbere ikorera  i Gitega.

Abimana akavuga ko intara ya Gitega ifise impano zidasanzwe ariko ikibabaje uwutamanutse mu gisagara ca Bujumbura ntaco ashikako, abamanutse nabo ntibasubira inyuma.”

Kuri mwebwe bavandimwe b’i Gitega ndavye ama photo mwashize ku mbuga ngurukana bumenyi(status) handitseko ruhuka amahoro (RIP), ariko nta narimwe mwari mwihimirize ico kibiri mushireko ko yasohoye gishasha, mwaba mwamukunze aruko apfuye?, rwoba ari urukundo rwa cane rutanguye aruko apfuye ko yakoresheje inkofero n ‘umupira yanditseko amazina yiwe , ninde yoba yaramuterereye ngo agure na kamwe?”

Ariko nubwo biruko hariho abo gukeza aho abo Chancard yadomyeko urutoke abo bakoranye ni nka Madudu Dieudonne, Fabrice Niyo, Cedric n’abandi.

Akanakengurukira cane Vance atako atakoze kugira ico kibondo kimenyekane nubwo vyari bigoye cane intambwe yoyo yari yabonetse.

Uwanyuma yakengurukiye akaba ari Ndaruzaniye Deo azwi Kw’izina rya Munyare kukuntu iyo atumweko gufasha urwaruka yama aseruka

Kacamen Darcy akaba yitavye Imana amaze imyaka umunani gusa akaba yaramaze no gutangura ivyirwa vy’amashuri mato akaba yitavye Imana kur’uyu wa 08ukwezi kwa (08) umwaka 2019, urupfu rwiwe rukavurwa vyinshi bamwe ko yoba yahitanywe na Marariya abandi amarozi Imana imuhe irukiro ryiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756