BurundiEntertainmenthomepagekirundi

I kigali baharura umuhisi kacaman mu bakinyi bo Ku rwego rwa Afrika y’ubuseruko

Uburyo Umuhisi Kacaman Darcy Yakina ngo vyari biryoshe Ku buryo bitoroha gutahura ko yarakiri umwana. Ahubwo ngo yaboneka nk’umuntu akuze ariko w’igikuri.

Umuhisi Darcy Iradukunda benshi bazi nka Kacaman Darcy ngo aharurwa mu gitigiri c’abakinyi ba Comedy bakomeye muri afrika y’ubuseruko, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Igituma uwo muhisi ashirwa muri urwo rugezo ngo nuko uburyo yakinamwo bwari butangaje cane, kuko ingabire yiwe yari irengeye imyaka afise. Uwo mwana aheruka guhitanwa n’ingwara ya Malaria ngo yakima nk’umuntu akuze.

Umwe mu bakinyi bakomeye b’amareresi mu Rwanda, Asia akaba we yavuze mu kiganiro na XLarge Tv ko atarazi ko ari umwana, ngo kubera uburyo yakina yibaza ko ashobora kuba ari igikuri.

Umuhisi akaba asize ibikino bitari bike yaramaze gukina, birimwo n’ivyari bitanguye kwinjira amahera biciye ku mbuga nka YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775