HealthhomepagekirundiMireille KAMI

#health| Ijisho rikora neza rituma umusirikare acungera umutekano neza

N’agakuru keza ku banyagihugu kumwe n’abasirikare bahora baja kurondera ubufasha mu bindi bihugu kubera ibibazo vy’amaso kuko vuba bashobora kwitura ibitaro vy’abasirikare mu kamenge(Hopital militaire de kamenge).

 

Iryo vuriro kw’igenekerezo rya 06 myandagaro(08) rikaba ryaronkejwe

ingabire irenga amafaranga y’amarundi imiliyoni ijana na murongo ine na zitatu ( plus de 143 millions de Frans bu) avuye mu kigega co kuziganya no kuguranana CCADM.

Uwoserukiye urwego nyobozi ndetse na mpanuzwajambo rwa CCADM Audace nduwumusi yamenyesheje ko iyo ngabire bayitanze mu ntumbero yo kwitabira akamo batewe na  nivyo bitaro kuko banyuzwe ko ijisho ry’umusirikare rikora neza rifasha gucunga umutekano neza.

 

Uwaserukiye ibitaro Docteur Cardiologue Marc Nimburanira yamenyesheje ko iyo nfashanyo atankeka izobafasha kwugurura igisata co gukora no kuvura amaso,(bloc operatoire de l ‘olphtalmologie)  kandi kizogirira ikamaro haba abasirikare canke abanyagihugu bitura ivyo bitaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755