East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

Aunt Ezekiel ngo ariteguye gukurikiza ariko apana kurongorwa

Aunt Ezekiel ngo mu migambi afise ntawo kurongorwa urinwo, ariko gukurikiza kwo ngo nubwo boyimutera mw’ijoro nta kibazo yobibonamwo.

Mu gihe yugurura akabare kiwe, Aunt Ezekiel yigeze kuba umukunzi w’umwe mu batambira Diamond yabajijwe ivy’ubugeni bwiwe n’umukunzi mushasha.

Uwo mukinyi w’amareres, yavuze ko ata migambi afise yo kurongorwa, kandi atanivyo ashaka. Igituma ngo nuko bimaze kumuduhira, kuko amaze kugira ubugeni n’abagabo 2.

Uwo muvyeyi w’umwana umwe yabandanije avuga ko ataruko yoba yarababaye, ahubwo nuko atakivyiyumvamwo, nuko ngo amaze guhonja akumva ikivamwo. Kubwiwe inkuru simbarirano ahubwo niyo yiboneye.

Abajijwe ko yipfuza gukwirikiza umwana bavyaranye na Moses Iyobo, uwo muvyeyi yavuze ko avyiteguriye cane. Ngo nubwo vyomugwako ako kanya nta kibazo vyomutera.

Aunt Ezekiel akaba abishikirije mu gihe hari hagize imisi amakuru menshi amuvurwako, muriyo hakaba harimwo ayariyo n’ay’ibinyoma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769