Economyhomepagekirundi

Abavunja amafaranga y’agaciro batubahiriza amategeko ngo bagiye gufatirwa ibihano

Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano isaba ibanki nkuru y’igihugu (BRB) hamwe n’ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta gufatira ingingo abantu bavunja amafaranga y’agaciro badakwirikije ibiciro bizwi n’amategeko.

Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga w’inama nkuru y’igihugu y’umutekano Général de brigade Silas NTIGURIRWA aho yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyavuye mu nama y’urwo rwego yabaye mu mpera z’indwi iheze.

Général de brigade Silas Ntigurirwa avuga ko abantu bakora ibikorwa vyo kuvunja amafaranga y’agaciro badakwirikije amategeko abitegekanya bituma amafaranga y’igihugu ata agaciro kandi ko abakora ivyo bikorwa ataho bitaniye n’ubusuma bukorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758