homepagekirundi

Urutonde rw’indirimbo ziri muri Ep. Addicted ya Best Life Music

Kuva aho bagaragarije izina rigiye guherekeza Album yabo ariyo Addicted aho havurwa ko izoba ari Album izoba irimwo indirimbo zimeze neza kandi zizoba ziherekejwe nama Collabo yo hanzw cokimwe na hano iwacu.

Umurwi Best Life Music(BLM) inyuma yo gutahukana agashimwe (Award) ka Best Group of the Year mwihiganwa ryatunganijwe na Buja Music Awards( BMA), ni uwo murwi utigeze wicara namba aho bagumye bamenyesha ko bafise ibikorwa vyinshi kandi biriko bitunganywa neza;
Aho hari haheze igihe kitari gito bamenyesheje umuzo wa Album yabo Addicted hakagarara n’udupira twanditseko iryo zina ariko abakunzi b’umuziki ndundi barindiriye amaso agahera munzira hakabamwo no gucika intege bakibwira ko iyo Album Addicted ya Best Life Music itazigera ibaho.

Nk’uko abarundi bayamaze ngo “bukebuke bushikana umusiba ku mugezi”, ni kuri uyu wa 21 Myandagaro 2019 umurwi BLM baramutse bashira ku mugaragaro urukurikirane  Addicted rugizwe n’indirimbo umunani aho hanagaragayemwo Collabo bakoranye na Belle9ice basanzwe barikumwe muri Lebel yabo ya Empire Avenue hagasubira hakabonekamwo n’iyindi bakoranye na Sally Boss Madam aturuka mugihugu ca Namibia.

Urwo rukurikirane rugizwe n’indirimbo zikurikira :

01. Intro feat Belle 9ice
02. Fata
03. Ntunsige
04. Nyampinga
05. Down Low
06. Turn Me On
07. Gimme That feat Sally Boss Madam
08. Yo Heart

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755