homepagekirundi

Kaze Delphin imboneza imwe mw’ijana zatowe ziserukire ibihugu 100

Mu kwezi kumwe gusa umwe mu mboneza mu rwaruka wa hano iwacu azoba abarizwa i New york mu nama yambere mpuzamakungu y’urwaruka ku bijanye nihindagurika ry’ibihe.

I New York hakazoba hakoraniye urwaruka 100 ruvuye mu bihugu 100.
Kaze Delphin Nduwayo akaba ari umusore akiri muto, muri kino gihe ariko anonosera amashure yiwe ya kaminuza mu ntara ya Gitega (Universite polytechnique).
Delphin akaba ariwe yashoboye gutora ubuhinga bwo gukingira ibidukikije mu gukora amakara yo gucana avuye mu bitiritiri vy’ibigori.
Kaze Delphin akaba ari umurwizatunga akanaba n’umurongozi w’uruganda rwiwe yise “Kaze Green Economy”
Indundi Magazine ikamwifuriza kuguma atera imbere nk’umuzinga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755