Naho amakuru y’ubugeni bissosso bivurwa ko ashobora kuba yakoreye i Bujumbura yari yakwiragijwe i kigali, Bissosso yabibeshuje.
Dj Bissosso yahakanye ayo makuru avuga ko yakoreye ubugeni i Bujumbura. Ayo akaba ariyo makuru yari yakwirakwijwe hirya no hino mu binyamakuru nyarwanda.
Amakuru dukesha Inyarwanda avuga ko mu kiyago bagiranye n’uwo mugabo w’umunya Gitega asanzwe abarizwa i Kigali, yabamenyesheje ko i Bujumbura yari mu bugeni, ariko ngo ntibwari ubwiwe.
Abajijwe impamvu yabonetse nkaho ariwe yari yabugize, yavuze ko we yari yasabwe kuhabera incuti yiwe itabarizwa i Bujumbura, kugira urubanza rube.
Sakubu Hassan benshi bazi nka Dj Bissosso akaba i Kigali ari mu ba Dj bake bahamagarwa mu bikorwa bikomeye muri ico gihugu. Akaba kandi ari n’umu Dj ku mboneshakure y’igihugu c’Urwanda.
Dj Bissosso akaba afise umutambukanyi i Kigali bafitanye abana 3 barimwo abahungu 2.