Entertainmenthomepagekirundi

The Duniano ngo Wanajeshi ije iziyeko nk’imvura y’isegenya

Adahigimanze Frank Duniano aremeza ko umurwi wanajeshi wasubiranye kandi ibikorwa bigiye kurwa nk’imvura yo murushana.

Inyuma y’igiteramo c’agakura bakoze bari hamwe, umurwi wanajesih ngo warasubiranye kandi ibikorwa vyawo ni vyinshi.

Mu kiganiro na Indundi Magazine The Duniano umwe mu bagize uwo mugwi avuga ko ibiteramo, indirimbo zishasha n’amasanamu bigiye kuja ahabona.

Mu giteramo co kw’igenekerezo rya 18/08/2019 bakaba baratanze imponjo y’indirimbo ingorane ikaba igiye gusohoka n’amashusho yayo.
Nayo ku bavuga ko uwo murwi woba wagiye hamwe kubera umuzo wa T MAX , The Duniano amenyesha ko atarivyo na gato ahubwo ko T MAX yaje mu karuhuko kiwe.

Frank aranahumuriza abo mu ntara zo hagati mu gihugu ko uwo murwi nabo uzoronka akaryo ko kubateramisha. Abajijwe ko ibikorwa vy’umuririmvyi ku gatwe kiwe bigiye guhagara, Frank yamenyesheje ko nawe ubwiwe abandanya ibikorwa vyiwe kandi ko indirimboNi toke vipi” aherutse gusohora igiye gukorerwa amashusho, kandi ko ubu abarizwa mu burongozi bwa Wanainchi Entertaiment muri studio Wanarecord, bitabuza ko umuririmvyi akora ku gatwe kiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769