BurundiAkes Dondiaspora musicEntertainmenthomepagekirundiSat-B

Lil K kubona ari muto ntibisigura ko aca aba gito


Urukundo yakunze umudiho wa Rape kuva akiri muto nirwo rwatumye ku myaka 10 gusa atangura kurimba haba mw’ibarabara, canke ateramanye n’incuti n’abagenzi, Karangira Owen Berrel azwi kw’izina “Lil K” akaba yahavuye aba umuririmvyi yabigize umwuga.


Owen akaba yavutse mu mwaka wa 2001, yavukiye hano ku Mukaza neza na neza mw’i Rohero, akaba afise abavyeyi bompi b’abarundi. Lil K akaba yatanguye kuririmba neza na neza mu mwaka wa 2015, Owen akaba ari nawe yiyandikira indirimbo.
Kuba ari muto ngo ntibituma aba gito, Lil K agafadikanya uwo mwuga n’amashuri kandi akanamenyesha ko n’umwimbu wiwe kw’ishuri ari mwiza.
Berrel akaba yahavuye yinjira mu murwi w’aba Rapper mu gihugu c’u Rwanda uzwi kw’izina rya HPB “Hip Hop Breakers Gang”, kumwe nuwo murwi w’imiyabaga bakaba bitabiriye ibiteramo bitandukanye vyatumye aronka ubushobozi bwo kw’ipima kuririmba imbere y’abantu benshi ivyari mu ndoto ziwe.
Karangira akaba anakora n’indirimbo ziwe atari mu murwi aho twovuga indirimbo nka Making Me, chocolate n’izindi.
Lil K amenyesha ko ariko ategura urukurirane azoshira ahabona muruwu mwaka buca dutangura, akategekanya no kuzokora igiteramo i Bujumbura nubwo atashimye kuvuga ryari azogikorera.

Indirimbo Chocolate akaba yayitanze cadeaux y’umusi mukuru wa Noel ku bakunzi biwe bose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776