homepageIndundi CinemakirundiMovies

Mr Nimba : “Impano yanje yo gutwenza abantu ni imvukano”

Mr Nimba ni umwe mubantu bafise impano yo gutwenza abantu “comedien” mu ntara ya Muyinga, aratwiganira ingene yamenye ko afise iyo mpano.

“Je kuva ngitangura guca ubwenge narabona ko mfise impano yo kunezereza abantu nca nja muri groupe ikina amareresi gusa bakama banshira inyuma kuko vyasa nk’aho ataco nshoboye. Ukuntu rero natanguye kwiga ukuntu nokwagura impano yanje narabonako ataburyo atamafranga narimfise y’ukugira nkine comedy nkoresheje Camera professionelle nca ntangura gukoresha phone aho twakinana comedy n’umugenzi wanje ubu asigaye ari photographe uwo nawe yitwa Kent Mugu.

Mu kibanza ca camera twakoresha Phone eka projecteur nayonyene twakoresha phone na montage twakoresha phone nyene kandi montage nije nyene naca ndayikora. Natanguye gushira comedy kuri Facebook kuwa 31 Kigarama 2017 hama tubona abantu barayikunze duca dukora iyindi ya kabiri.

Nyuma y’izo zibiri President wa Group nakinamwo film aca avuga ko twogira aka group gakina comedy gusa niko guca tuyikora nya Group turaheza tuyibatiza MUYINGA STAND UP tuza turazishira kuri page ya Facebook yitwa nk’uko nyene. Kuva ubwo niho natanguye kudugiriza impano yanje kuko barabona ko nshoboye gukina comedy niho baca baza baranshira imbere bankinisha kenshi.

Haragera aho dukora igiteramo kikitabirwa n’abantu benshi nanje nkitanga ngakora ibikorinka nkagaraza impano yanje imbere y’abantu benshi nabo nkabona ko babikunze gusa hari igihe igiteramo giheze President yaca atuzunguruka amafranga yose yavuye mugiteramo yooose aca arayiryana. Kuva ubwo ya group ica isa nk’aho icecetse.

Gusa ivyo ntivyanciye intege kugeza n’ubu ndacakora. Narakoze nk’aho ari jenyene baranantumira mu biteramo vyinshi gusa ntibampa nay’isabuni, ariko ivyo ntivyanca intege ihangiro yanje yari iyo kuraba ko impano mfise ko yogera kure ikananshikana nanje kure.

Yamara intambamyi ntizibura kuko ninyinshi cane zagiye ziraba zikigenda ziraba nubu kuko nta Management mfise kugira inkurikirane kugira imfashe kugaragaza ico mfise. Ariko nanje aho ngeze ndashima nkanashimira Imana kuba ngeze ahongeze ubu ngereranije n’ukuntu natanguye harimwo difference niniya cane mvuganti Imana izobikora nk’uko isanzwe ibikora ico nshaka kuba nzokiba Insha Allah”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756