homepagekirundi

Bimwe mu vyaganiriwe mu mubonana umukuru w’inama nshingamateka yahaye uwuserukira Ubuhorande mu Burundi

Ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 10 Nyakanga 2019, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal Nyabenda yahaye umubonano uwuserukira igihugu c’Ubuhorande mu gihugu c’uburundi muvyo baganiriye hakaba harimwo ibijanye n’imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubuhorande hamwe no gufashanya.

Umuvugizi w’inama nshingamateka Alexis Badian Ndayihimbaze avuga ko uwo aserukira igihugu c’Ubuhorande mu Burundi amaze ikiringo c’umwaka umwe mu Burundi ari naco gituma yari kwimenyekanisha k’umukuru w’inama nshingamateka hamwe no kumumenyesha imigambi igihugu ciwe gitegekanya kurangura mu Burundi.

Alexis Badian Ndayihimbaze avuga ko ico gihugu cahora gifasha mu gisata c’indero kubijanye no kugaburira abana ku mashure vyatumye igitigiri c’abaheba amashure kigabanuka kandi ko ico gihugu gifasha no mu gisata co kwivuna abansi hamwe no mu gisata c’umutekano

Uwo avugira inama nshingamateka avuga ko hariho ico gihugu gifise umugambi wo gushigikira igisata c’imfungurwa biciye mu gutanga umwavu ,gufasha kugira imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibihugu vya Buraya isubire kunaguka hamwe no mu gufasha mu gisata c’urudandazwa mu bijanye no gutwara ibintu n’abantu biciye mu kiyaga Tanganyika

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755