homepagekirundivideos

Abavuga ko umuziki w’Uburundi udatambika, Omer abita abangushi

Abanje ku menyesha ko umuziki ari ururimi abantu bategera ugutandukanye, nayo mu kuwutamba bikorwa ugutandukanye bivanye nuko uwuriko yumviriza akoresha ibihimba vy’umubiri mu gutamba, bikanavana n’abavuza umuziki ubuhinga bafise, Nzoyisaba Omer aremanga ko umudiho w’ikurundi utambika.

Abavuga ko umuziki w’ikirundi udatambika Nzoyisaba Omer abita abangushi canke akabifata nko kutamenya.

Ivyo Omer akaba abishikirije inyuma y’aho baganukiye bava mw’isabukuru Nyege Nyege 2019, aho amenyesha ko abanyamahanga batamvye bongera baratangarira umuziki wabo.

Omer agira ati :”Gihamya kirahari mu gihe gito amasanamu y’igiteramo azoja ahabona bibonere uko bakanyukura.”

Omer akaba ari umwe mu banyakaranga batanguje umurwi Abagumyabanga, yongera anabonera izuba umurwi intatana yanahavuye abera indongozi, muri kino akaba ari umwe mu ndongozi z’umurwi “Intwari “urangurira imirimo yawo muri kano karere ka Africa y’ubuseruko, akaba yari yaserukiye umurwi Kuruka Chama mw’isabukuru mpuzamakungu Nyege Nyege ryabereye mu gihugu c’Ubuganda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757