homepagekirundi

Agatasi 2020 : Reta y’Uburundi yagabanije ibiciro ku vyankenerwa mu burimyi

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 12 Nyakanga umwaka w’2019, umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije Déo Guide Rurema yamenyesheje ko mu ntumbero yogufasha abarimyi mu kwitegurira neza umwaka w’uburimyi w’agatasi w’2020, Reta y’Uburundi ibicishije ku Bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, irabandanya gufasha abarimyi mu kubaronsa ivyankenerwa mu burimyi ku giciro kitavuna.

Ku bijanye no kuronsa abarimyi ifumbire n’ishwagara, ibiciro bitunganijwe uku gukurikira :

  1. Kuri FOMI-IMBURA ariyo yasubiriye DAP, agafuko k’ibiro 25 kazogura amahera 29,000F aho koguzwe 42695F
  2. Kuri FOMI-TOTAHAZA ariyo yasubiriye Uree, agafuko k’ibiro 25 kazogurw 25,000F aho koguzwe 38,500F
  3. Kuri FOMI-BAGARA ariyo yasubiriye KCL, agafuko k’ibiro 25 kazogurwa 26500F aho koguzwe 38,800F
  4. Ishwagara, agafuko k’ibiro 50 kazogurwa 5000F aho koguzwe 11,500F

Umushikiranganji Rurema amenyesha kandi ko gushika ubu amatoni arenga ibihumbi 27 ku matoni ibihumbi 21 abenegihugu bamaze kurihira vansi y’ifumbire y’ikizungu ivanze n’umwavu w’ikirundi ko ariyo amaze gushikanwa mu ntara z’igihugu hamwe n’amatoni 7800 y’ishwagara, bakaba ngo bariko barakora ibishoboka vyose kugira ngo ivyo yankenerwa vyegerezwe abenegihugu ku mazone.

Uwo mushikiranganji akaba asaba abarimyi kwitabira kuriha ayasigaye (solde) kuva kw’igenekerezo rya 16 Nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu uwu mwaka. Nayo ku barimyi batari bwarihe ingwati, umushikiranganji Rurema yabahaye ayandi mahirwe yo kuriha ariko bakayarihira rimwe muri ico kiringo nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755