homepagekirundi

Kaka Bonney ati : “Nsavye ni igiti kitari gikwiye kurirwako uko bishakiye”

Inyuma y’aho umuririmvyi Bobona yifatiye mu gahanga Christian Nsavye umwe mu bamenyeshamakura bagize uruhara rukomeye kugira uwo muririmvyi amenyekane, Kaka Bonney yateye ivyatsi iyo nyifato.

Uwo mushingamateka atagira yebo yebo akaba yatanze ibintu bitandatu(06) bikuririkira vyotuma atawofata uko yishakiye Christian Nsavye.
Agira ati:
1. Nsavye avuza guitar akongera akanaririmba,
2. Ni umumenyeshamakuru wa Radio Isanganiro akaba ajejwe ibiganiro vy’imico n’akaranga na cane cane “Uburundi burarimba” gikurikiranwa n’isinzi ry’abantu,
3. Nsavye niwe yatanguje umugambi wo gushigikira umuziki ndundi biciye mw’ihiganwa Isanganiro Aword,
4. Akorana n’iradio mpuzamakungu RFI mu kiganiro “Couleurs Tropicals” na Claudi Sia,
5. Nsavye igitabu yanditse ahejeje amashure yiwe ya kaminuza cavuga ku micokama,
6. Abategura ibiteramo hirya no hino mu gihugu bakunze kwizera Christian Nsavye ngo ababere umurongozi w’ibirori (MC).

Ibi ni ibintu nyamukuru Kaka Bonney yabonye nawe ufise ico wongerako hariho ikibanza aho musi urashobora kucandika(Comments).
Bikaba bigoye kwumva icatumye Bobona avuga ko atacotuma bizera uwo mushingantahe, kiretse ko n’imbere yo kuvuga ko ataco amaze (un type nul, très nul) Bobona yabanje gusaba ikigongwe abasomyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755