Entertainmenthomepagekirundi

Mkombozi yoba atembereza ibirato i Kigali ?

Hari impari ku mbuga ngurukanabumenyi ndetse hakanajamwo no gutukana mu bakunzi simpemuka ba Mkombozi, kumwe n’abanyotewe ibikorwa vyiwe.

Bamwe bati uwo aracafise ivyo ashikiriza, ubukene bumukubitiye i kigali mu Rwanda iyo asigaye adandaza i birato mw’ibarabara, abandi bakitana ibijuju mu kwemeza ko yoba abarizwa ku mugabane wa Buraya, kumwe na America.
Izo mpari ziri hagati y’abo bakunzi b’umuziki ndundi nizo zatumye turondera Thoma.

Mwijambo rimwe akaba yatwishuye agira ati: “Guys, ibikorwa kwanza amajambo inyuma, nzogira ico nshikirije mu misi ya vuba, indirimbo narabahaye muryoherwe n’urugendo rw’urukundo natanguye kandi tuzoguma turikumwe, mwitege clip video nazo, ivyo ndimwo bindekurira gukora ntibindekurira kuvuga.”
Mu misi ya vuba tukazobandanya tumurondera kugira aduhe umuco w’iyo ari nivyo arimwo.
Mwokwibuka ko uwu mwaka ariko asohora indirimbo nyishi ziri mu midiho itandukanye, eka no mu ndwi iheze akaba yashize ahabona abicishije kuri YouTube yiwe izwi kw’izina rya Mkombozi lucifer, indirimbo zitatu ziri mu midiho itatu itandukanye harimwo n’izumvikanamwo izindi ndimi nk’ikiganda n’icongereza.

https://m.youtube.com/watch?v=ROtTG1X1A0A

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769