homepagekirundi

Breaking News : Justin Ndikumana na Mwiza Cynthia baraye baruhiye ubusa

Mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu buca ari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 28 Nyakanga umwaka wa 2019 , niho umutambukanyi w’umunyegori w’intamba mu rugamba Mwiza Cynthia yibarutse umwana w’umukobwa arinze kubagwa ( Operation ) yamara ahejeje kubagwa baciye basanga umwana yamaze kwitaba Imana.

Kuri uyo musi wa gatandatu nyene niho bamushingurana iteka mw’itongo ry’abapfuye ryo ku mpanda.

Justin Ndikumana akaba amaze imisi ari hano mu gisagara ca Bujumbura azanywe no gushingurana iteka umwana wiwe.

Mukamenya y’uko uyo mwana iyo agira amahirwe yo kubaho yari kuba agize umwana agiri kabiri w’uyo munyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikimana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755