Economyhomepagekirundi

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kuganira n’abayifasha kugira amahera y’agaciro asubire kuboneka

Mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike OLUCOME, rivuga ko ku makuru rifise nk’uko vyavuzwe n’umushikiranganji w’ubudandaji ko hibonekeza ubukene bw’ibinyobwa bimwe bimwe vya BRARUDI, ubwo bukene OLUCOME ibona ko buva ku bukene bw’amafaranga mvamahanga.

Iryo shirahamwe ngo ribona kandi ko amategeko agenga ivunjwa ry’amafaranga riheruka gusohorwa n’ibanki nkuru y’igihugu BRB rikwiye gusubirwamwo. Iryo shirahamwe rifatira ku ngingo yemerera ibice 10 kw’ijana vy’amafaranga azofatanwa abavunjayi bazoba batakurikije igiciro co kuvunja amafaranga cashinzwe na BRB hamwe n’akandi gashirukabute k’ibihumbi amajana atanu y’amarundi yiyongera kuri vya bice 10 kw’ijana bizohabwa uwuzokwerekana uwarenze itegeko. Iryo shirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME rikavuga ko abantu bashobora no kubeshera inzu canke ishirahamwe rivunja amahera kandi ryisunga amategeko kugira bironkere ayo mahera.

OLUCOME rikamenyesha kandi ko ibanki BRB yarikwiye gusaba Reta gufata ingingo zituma amafaranga mvamahanga yongerekana mu gihugu hagufata ingingo yo kuzokwaka amahera abadandaza batazokurikiza ibiciro vyashinzwe n’ibanki nkuru y’igihugu.

Muri iryo tangazo nyene, OLUCOME rivuga ko iryo bura ry’amafaranga mvamahanga hano mu Burundi ko ryagize ingaruka ku butunzi bw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko (EAC) ngo abashingamateka b’iryo shirahamwe bemeje kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu ko uburundi bumaze imyaka ibiri budatanga intererano yabwo. Ivyatumye nk’uko bibandanya bivugwa na OLUCOME, ibikorwa bimwe bimwe vy’ishirahamwe bihagarara bivuye kubihano Uburundi bwafatiwe n’ababufasha kuva mu mwaka wa 2015, ivyatumye kandi igice c’abakozi ba EAC ngo bamaze igihe badahembwe.

Mukurangiza iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME risaba Reta kuganira n’abegwa bose na politike kugira icuka gisubire kumera neza maze amahera mvamahanga aboneke. Reta isabwa kandi kugwiza umwibu w’ibidandazwa njabuka-mazi, hamwe rero no kuganira n’abasanzwe bafasha Uburundi mu bijanye n’uburyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758