Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Rondera WEWE muri wewe nyene!

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga mu bijanye n’ibibera mu mpwemu baravyihweje basanga vy’ukuri ngo umuntu arashobora gutakara, agatakarira muri we nyene. Ivyo navyo muti vyoba gute? Uko rero dusesanguye hirya no hino  tubona n’uko , iyo umuntu avutse, aba afise “igikorwa aje kurangura hano kuri ino si. Yamara rero mu kiringo ashitse aha kw’isi araheza agashikira mu biganza vy’abavyeyi, agashikira kandi mw’isi aje kubamwo.

Mu kiringo aba ataraca akenge ngo atangure nyabuna gukora icamuzanye, araheza rero agaca afata isanamu y’ivyo abavyeyi bamwigisha akiri muto.  Uko bamufata, agaciro bamuha, ivyo bamwigisha gutinya canke kudatinya, uko bamubwira babona ko ari, uko yafatwa mu mugongo muri bino na biriya …

Iyo akuze naho nyene araheza akagenda arafata isanamu bivanye n’aho akuriye, imibereho yaho n’ibindi. Urwo rusukirane rero nirwo ruheza rukamuviramwo nawe kuronka isanamu yiha. Agaciro yiha gafitaniye isano rinini cane n’urwo rusukirane yaciyemwo.

Ivyo rero, umuntu avyihweje niho  aheza agatora akenge, agaca urwevu. Akamenya ko ico ari  uno musi ari ico yagizwe. Akarondera rero kuba ico nawe yigize.

Ubirabiye mu buryo bw’impwemu rero usanga wewe utari wewe nyene. Usanga utari isanamu ya ka kameremere Imana yakuremana. Kandi buringo utari urya nyene  ari mw’itsitso, uca usanga n’ivyo uriko urakora bidahuye n’ivyo wari waje gukora. usanga uriko urakora ivy’abandi, uba umeze nk’imbohe.  N’ukuvuga ko  WEWE na Wewe nyene mwatandukanye ivyo uriko ukora rero ntibikorera wewe. Ugasanga rero umuntu akora ibintu nk’agahambiro, arondera gusa icomumaza kabiri. Muri ico gihe aca ata bwa bushobozi bw’ukurema Imana yaduhaye. Aca akoreshwa n’abandi kurangura ivyo bashaka bakamugendera ku mugongo abareruye kurya kw’ifarasi kuko bobo baba bazi iyo bagiye.

Igikenewe rero ni ukugira ico bita ” Igikorwa” ( travail) ugafata akanya ukarondera kumenya ico uri mw’itsitso ryawe maze ugaheza ugashikiriza subconscient yawe isanamu ihuye n’ivyo ushaka, maze uko bukeye ukaguma uyibutsa gushika aho iheza ikagutwara nya hayo nyene maze , ugaheza ukazovuka wewe nyene. Ukavuka bushasha mu buryo bw’Impwemu. Mu gihe umaze kuvuga uraheza ukabandanya wiha infungurwa mu mpwemu kugira uheze ushike aho uba umuntu akuze.

Mu kiringo utazoba urarondera kwifatanya na WEWE NYENE uzoheza usange ugendera mu mwiza, ukagenda ufashwe ukuboko n’abakwigishishe hamwe n’urusukirane rw’ivyo waciyemwo. Uzoba ugendera mu mwiza, uzosaza ubeshejweho n’abandi, ukorera abandi.

Aha mu kirundi turafise amajambo dukoresha yamara tutazi kumbure ko ari imvugo yo mu mpwemu. Ukaza wumva abantu bavuze ngo ” Urya muntu hewe arahabona”!!

Ukaba utahabona, harondere, kandi ntuharonderere ahandi kuko hari muri wewe nyene. Ibi ubumwo ni igitutu c’ivyo utabona kandi uburyo bwonyene bw’uguhindura ivyo ubona, ni uguhindura ivyo utabona. Irondere muri wewe nyene mpaka utore uwo wewe ari muri wewe nyene(Your higher self).

Ce urwevu! Tugiye kuza turabiganirako, duhana umuco.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765