homepagekirundi

Diaspora : Arabandanya gutanga icizere ku bakunzi b’umuziki ndundi

Inyuma y‘ igihe kinini abaririmvyi bo muri Diaspora bafatwa nk’abantu ataco bomarira umuziki ndundi, ubu hariko haraba ihinduka ridasanzwe biboneka ko bari k’umuvuduko udasazwe mugukora berekana ico bashoboye guhindura canke mugutanga intererano k’umuziki ndundi.

Vyatwaye igihe vyongera bimufata umwanya munini kugira atahure ico yokora kugira ngo yumvishe ko ashoboye kunezera abomutega ugutwi bumviriza ibikorwa vyiwe ariko arushirizaho gukora no kugerageza kwiyegereza igihugu ciwe n’abarundi canke n’abo bose bokwumva ubutumwa ashikiriza mundirimbo ziwe.

Inyuma yo kuva muri Reta zunze ubumwe za Amerika USA akaza mugihugu ca Kenya agakorana indirimbo na Kidum Kibido ikagira ikibanza gishimishije hano mukarere (Kenya, Rwanda & Burundi), ni Don Bighter atigeze ahengeshanya ngo apfishe ubusa ayo mahirwe ahubwo yarushirijeho gukorana inguvu zitangaje aho yaciye aza mu gisagara ca Bujumbura akora ibikorwa bitandukanye aho novuga gukora amasanamu y’ibikorwa (Audio) yarasanzwe afise yakoranye na bamwe mu bahinyanyuzi bo mugihugu c’Urwanda twofatira ku ndirimbo nka Fire Fire na Feelings zafashe ikibanza kitagayitse na gatohaba hano iwacu ndetse naTanzania bivanye n’uko yasize akoze promotion canke ukumenyekanisha izina ryiwe.

Inyuma y’aho ni Don Brighter yabandanije akora ibikorwa vyinshi bitandukanye vyerekana ubushobozi bw’abaririmvyi bo muri Diaspora ko bashobora guhindura izina bahabwa n’abarundi basanzwe baba hano mugihugu cacu aho yasimbiye mu gihugu ca Tanzania akora indirimbo imeze neza yise Nionyeshe ayikoranye n’umwigeme ariko arakora neza muri ico gihugu nyene benshi bazi kw’izina rya Amber Lulu indirimbo yafashe ikibanza gishimishije muri ico gihugu ca Tanzania ndetse na cane cane hano iwacu.

Kur’uyu wa gatatu igenenekerezo rya 9 Gitugutu uyu mwaka nyene turimwo w’2019 niho umuririmvyo Don Brighter na Management yiwe ya DB Music bashira hanze itariki y’isohorwa ry’indirimbo yiwe igiye gushirwa ahabona amasamu, indirimbo yise African Woman aho bamenyesheje ko igihe gusohoka itariki 15 z’uku kwezi kwa cumi uwu mwaka nyene turimwo w’2019 aho yizeza abarundi n’abasanzwe bakurikirana ibikorwa vyiwe ko ari indirimbo izobashimisha kandi ari indirimbo izomufasha kumenyekana cane mu bindi bihugu bisanzwe bikoresha ururimi rw’icongereza.

Aho mwomenya ko Don Brighter aherutse gushira ahabona umuririmvyi asanzwe akora umudiho wa Rap ariwe Rally Benz akamusinyisha muri Label yiwe ariyo DB Music.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755