Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

# Urwevu| Igitabo citwa “the power of your self-discipline” kizohindura ubuzima bwawe.

Discipline niyo izogufasha kurwanya izo nzitizi zose ziri imbere yawe

Nimba rero utarasoma ico gitabo canditswe n’uwitwa ” Brian Tracy” nyaragasa ukirondere ugisome. Ushobora ku kironka no kuri “Play store” ya telephone yawe. Wibuke , ico uzoba uri mu myaka itanu, azoba ari urusukirane rw’ibitabo usoma uwu musi, inyifato ufise uwumusi, abagenzi ufise uwu musi. Ntiwitege ko hazoba ibindi bitangaro. Ba Sokuru baciye umugani bati , imbuto itewe niyo imera. Ubwonko bwawe, ubwenge bwawe mu myaka itanu buzoba bugizwe n’ivyo uriko ubushiramwo uwu musi. Urashobora kuba woroherwa n’ugutsindagira mu bwonko n’igitigu vyawe amacupa cumi  y’ibiyeri ku ndwi yamara ukananirwa n’ugusoma igitabo cose mu kwezi kuzima. Mu myaka itanu, uzokwimbura ivyamwa vy’amacupa 40 ku kwezi, canke amacupa 480 ku mwaka. Mu myaka itanu uzoba urimwo amacupa 2.440. Ivyamwa igitigu n’ubwonko bizokwimbura ntuhave wibaza ngo ntibizoba bifitaniye isano n’izo ngemwe! Ntabindi bishoboka, igihe uzobandanya utera iyo mbuto, umwimbu uzoba uwo nyene.( La loi de cause à effet).

None abo bana wibarutse nibakubaza bati ducire umugani Dawe uzoheza wishure iki? 

Ico nakundiye ico gitabo n’uko kitwereka ko ah’ukwama twidondomba, twagiriza bino na biriya kutubera inzitizi , twari dukwiye nyabuna kumenya ko inzitizi zitegerezwa kuhaba, nyabuna ahubwo ari twebwe dukwiye kurondera inkomezi tubicishije muri discipline twihaye.

Muri chapitre ya  gatatu yise “ Self-discipline and responsability” aravuga ibintu bitari bike twogarukako hano.

Arasigura ati, iyo umuntu avutse, akura akorerwa ivyo vyose akeneye, gushika azorinde akura atangure kwimenya. Muri ico gihe cose agifashwe mu mugongo rero, aba ariko aragaburira igishogisho ciwe c’ukwumva abandi ari bo bajejwe ubuzima bwiwe.  Nkuko abandanya abisigura mu buryo bunyuranye , abasomye ico gitabo murabona ko ashaka kwerekana ko ako gatima k’uko umengo ivyacu birabwa n’abandi gahava kakatubera nk’akarendegero.

Tubishize mu buzima bwa misi yose nk’aha iwacu, ukurendegera mbere kurabandanya niyo umuntu aba akuze. Hari bamwe mu nkumi usanga bibereye ntaco n”inona kubera mu gatimatima aheza akibaza ngo ” nzotwarwa n’umugabo afise amahera”. Ivyo abigira kubera ka gatima nyene. Imisore na yo n’uko, ugasanga ariko yirengangiza bino na biriya , ngo arindiriye umugore azoza kubimufasha. Uraheza ugasanga nk’iyo umupfasoni arwaye aca agenda mu buriro agafungurirayo. Abandi nabo ntibamenya n’uguterura inzoya iyo bibarutse, umukomye ngo ” Jewe inzoya zirangora guterura”.  Hari n’abandi , mu kiringo ugiye ukamubaza italiki umwana wiwe yavukiyeko uza wumva  ngo ” Ivyo bimenya abagore”!

Muri make, nkuko uwo mwanditsi abivuga, benshi rero tureka gushika ku masonga kubera ako gatima k’ukumva ko umengo hari bimwe mu vyacu bijejwe abandi, ugasanga umuntu arize amashure maze akagumana muri agatima k’akarendegere ngo ” Leta izompa akazi”.

Araheza agatanga impanuro z’ukwitandukanya n’ako gatima, ukamenya ko uko uriko urabaho uwu musi atawundi vyari kubazwa atari wewe. Urakenye? Ni kubera wewe nyene? Ubuze amahoro? Ni kubera wewe nyene. Amenyesha ko naho vyose kwoko atawovuga ko biva ku muntu nka mugira, yamara ngo inyifato agira nka Mugirwa nayo irashobora kuba imvo y’uko abayeho.

Brian Tracy aguhanura ati ” Igihe cose wisanze mu ngorane uzoce wihuta kwiha inyishu uti” Nije ndavyiteye”. ( I am responsible). Ico ciyumviro ni wakigumiza hafi ngo uzoheza usange uriko urasyokora ca gishogisho “barendegere” nyabuna wumve ko kazoza kawe kari mu biganza vyawe. Imana iruhira gusa. Iyo ishako ivyawe vyose biba mu biganza vyayo none weho ivyo biganza yari kubiguhera iki???

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765