homepagekirundisecurity

Bubanza : Amasasu yazindutse arumvikana ku mitumba 3 yegereye ikibira

Ku makuru dukesha insamirizi Isanganiro n’uko mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka w’2019, n’uko hazindutse humvikana urwamo rw’amasasu ku mitumba ya Dondi, Kayange hamwe na Masare yo muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza.

Ayo makuru nyene abandanya ashikiriza y’uko intanduruko y’urwamo rw’ayo yamasasu boba bari abajejwe umutekano bariko barakurikirana abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho ngo boba bariko baradugagira kuri iyo mitumba bagana ishamba cimeza rya Kibira.

Nayo mu bushikiranganji  bujejwe umutekano ngo bariko barakurikiranira hafi ingene umutekano wifashe muri iyo komine kandi ngo umutekano usa n’uwagarutse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755