Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Banza umenye ico uri, imbere y’ukumenya ico ushaka

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ibintu vyishi mbere tukaba tubizi. Ibikenewe vyose kugira bino canke biriya bihabe, maze tukaba tubizi. Yamara ukubishikako bikaduta ku w’amazi! Naranezerewe igihe nabona insiguro ry’ijambo ” Ubwigenge”( liberté) mu buryo bw’impwemu. Ubwigenge mu buryo bw’impwemu ni ” Ubushobozi bw’ugukora ivyo uzi wategerezwa gukora”( La liberté c’est le pouvoir de faire ce que l’on sait devoir faire).

Aha turakwiye kuhafatira akanya tukiyumvira. Kumbure bwa bundi ivyo duhora twita ukwidegemvya turashobora gusanga atari vyo koko. Umuntu akibaza ngo novana n’abavyeyi, ngo noca nidegemvya, yamara agiye kwibana ugasanga aguma yumva umengo hari ikibuze. Ari munzu akumva umengo yokwidegemvya ari kuri plage. Ari mu gihugu akumva umengo yokwagukirwa agiye mu kindi gihugu. Hanyuma nyene no mu ngo z’abubatse bamwe bamwe bagafata ko umengo ukwubaka ni nk’ukwinjira mu migozi. Umuntu rero akaguma yumva ko umengo arakeneye umwidegemvyo kandi mu vy’ukuri abandi bobo babona ko awufise. Akama nta maragamo, kaguru karabeba!

Tugarutse rero , ukwidegemvya ni ukuba ufise ubushobozi bw’ugushika kuvyo ushaka ata nzitizi. Ikibazo gica kiza aho nyene” IVYO DUSHAKA”. Ntituzi ivyo dushaka! Benshi ntituzi ivyo twifuza. Bino nabiriya turabigira kuko tubona abandi babigira kumbe naho sivyo twifuza koko. Nayo inyendamuvano y’ukutamenya ivyo twifuza n’uko mu vy’ukuri nyene natwe nyene tutiyizi. Turondera kumenya uko turi turabiye mw’isanamu y’abandi, maze rero bikaruhira gucangana, tukayoberwa guhava tuba twebwe, bikanka kandi n’uko tuba nk’abo bandi, tugaca dusanga twabaye nk’agati karebanga mw’ibenga.

Niwamenya ico uri, uzoheza umenye ico ushaka. Ukamenya ico ushaka utihenze, uzoheza umenye ivyo utegerezwa gukora kugira ukironke ivyo ushaka. Kimwe mubizokwereka ko uriko ukora ivyo ushaka koko, uzobikora wumva unezerewe, wumva worohewe mbere ufise ubushake bukwiye ( la force de la volonté)

Ivyo vyose ukora wumva umengo ni agahato, uwugukoresha akuvuye hejuru ugaca wonsa isuka, menya ko utariko ukora ivy’ushaka.

IRONDERE WINYEGEJE MURI WEWE NYENE!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765