homepagekirundisecuritysociete

RDC : Umumenyeshamakuru yakoresha ibiganiro kuri Ebola yagandaguwe

Amakuru dukesha bimwe mu bimenyamakuru bikorera ku butaka bwa Repubilika iharanira demokarasi ya Kongo amenyesha y’uko uwo mumenyeshamakuru yagandaguwe mw’ijoro ryo kuwa gatandatu uheze buca ari kuw’Imana.

Uwo mumenyeshamakuru yari azwi kw’izina rya Papy Mumbere Mahamba akaba yakorera insamirizi imwe iri mu buseruko bwa Kongo, akaba ahanini yatanga ibiganiro vyo kurwanya Ebola, bigakekwa ko aboba bamugandaguye boba ari abarwanyi b’aba Mai-Mai.

Umuhisi Mahamba akaba yatewe ku rugo iwe ruri ahitwa Lwemba aragandagurwa, umupfasoni wiwe nawe afatwa ku nguvu n’abo bagizi ba nabi inyuma y’ugusiga baturiye inzu yiwe.

Rikaba atari irya mbere muri ico gihugu hatewe abantu bafasha mu kurwanya Ebola aho mu mwaka uheze hatewe amavuriro arenga mirongo ibiri, za ruseha abaniha zitari nke hadasizwe inyuma abasanzwe bafasha mu bikorwa vy’ugutabara mu kurwanya Ebola.

Iterwa ry’ayo mavuriro n’abo bantu bafasha mu kurwanya Ebola rikaba ryikekwa ko ryoba riva kukungene bamwe mu banyagihugu bo muri ico gihugu batemera y’uko Ebola iriho n’ubwo bivurwa ko imaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga ibihumbi bibiri muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756