Entertainmententertainment Promotedhomepagekirundi

Big Fizzo ngo umwaka ushobora kurangira ataragaruka mu gihugu c’amavukiro

Mu kiganiro yakoresheje ku rubuga rwiwe rwa Facebook  c’ikibiriraho, hari kuri uno wa Mungu igenekerezo rya 03 Munyonyo 2019 aho yariko aganira n’abakunzi ndetse n’abasi bamukurikira kuri urwo rubuga iyo ari muri Italie yagiye yishura ku bibazo bitandukanye bitari bike.

Ibibazo bimwe mu muri vyinshi yabajijwe biciye muri commentaire yashoboye kubazwa kuvyerekeye niyaza i Burundi ko azorondera nawe aba Bodyguards bamugendanira, Big fizzo yabishuye ko igikuru ari Imana ngo naho yogira abangana n’ijana umusi wageze bose bojana, ngo nayo ku bakunzi babateranya na mugenzi we ariwe Sat B ngo bomenya  ko atakibazo na kimwe bafitaniye n’umwe mu baririmvyi bose aca agirako yitakambira ko abakunzi boza barabireka. Hari mu gihe bari bamwandikiye ko yoza arima umunwa mugeziwe Sat-B, uwundi nawe ati bishitse bagahura yomuhanura iki?nawe ntiyatevye ati nomuhanura bivanye nico ampanuje.

Nayo kubipfuza ko Vg Wawa yoja muri Bantu Bwoy ngo akagira ba Kirikou babiri ngo iyaba yarafise uburyo nibenshi yofashije bafise impano ariko ntabishoboye aca agirako atera akamo Reta  ko yogira ingumvu nyinshi m’ugufasha impano z’abaririmvyi zitandukanye m’ugushiraho nk’amashure y’umuziki. Eka ntibirengagije kumubaza ko hari indirimbo boba bafitaniye na Lolilo aca arabishura ko indirimbo yawe na Lolilo itarahera igeze hagati umusi izohera bazobimenya ikibazo umuntu ashobora guca yibaza mbeya iyondirimbo vyukuri yoba ihari naho higeze kugaragara isanamu barikumwe muri studio?

Mwomenya ko uwo muririmvyi yashimiye cane abamukeza eka n’abamutera intege nayo abagenda bamubwira nabi igihano yabaha nuko yaca aba Block ikindi ngo nuko muri uno mwaka mu mpera zawo atazogaragara mu biteramo bitandukanye nk’uko yahora abikora ahubwo azoruhuka akagumana n’umuryango. Nayo ngo umuririmvyi yumviriza cane akora Rap muri Usa ngo ni 2Pac. Akaba yarangije amenyesha ko ariko akora amasanamu y’indirimbo iyo ari muri Italie kandi ngo nta kwezi kuzohera iyo ndirimbo idasohotse, yongera kandi ngo na Elly’s Boys ariko arakora amasanamu ndetse na Double Jay ngo zose zizosohokera rimwe uko ari zitatu ngo niyo Noël bazoha abakunzi babo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769