Inyuma y’indirimbo Impa yakoranye na Tom Close akaba arinayo ariko aramenyekanisha kumasamirizi n’imboneshakure zitandukanye zisazwe ziri i Kigali mu Rwanda, Hayakuhusu niyo igiye kuzosohoka mumisi.
I Kigali mu Rwanda B-Face icamujanye ngo n’ugukora Media Tour y’indirimbo bakoranye na Tom Close, nk’uko baheruka kubikora aha iwacu barikumwe bose kandi bikaba biriko bigenda neza. Tom Close umuririmvyi asazwe akora bigashimwa iwabo aho yaheruka ino bari kw’insamirizi imwe yaha iwacu akaba yarashoboye kugaragaza uko yabonye B-Face igihe bakora indirimbo Impa basazwe bariko baramenyekanishiriza hamwe ubu mu Rwanda yaravuze koyipfuza ko bazosubira gukorana ikindi gikorwa ariwe amurondeye kuko yabonye ko ari umuririmvyi ameze neza w’umutima.
Igihe Indundi magazine yarondera B-Face yavuzeko Media Tour iriko igenda neza muri rusangi aho amasamirizi nka yose bamaze kuyacako nayo kumusi w’ejo igenekerezo rya 8 Munyonyo 2019, bazozinduka baja kw’insamirizi Kiss Fm.Kucerekeye indirimbo Tom Close yipfuza ko bokorana nawe nayo bikaba bikiri mu migambi umusi n’umusi izokorwa ngo bizomenyeshwa, ariko uwo muririmvyi B-Face arongera akavuga ko afise ikindi gikorwa mu misi kigiye gusohoka aho kizosohoka kw’izina rya Hayakuhusu ikazosohoka ikozwe n’umuhinyanyuzi Kolly tha Magic.