footballhomepageIbiyovyabwenge

Arakaza Mac Arthur yashize umukono Ku masezerano yo gukinira Dynamos Fc

Inyuma y’indwi zibiri amaze ari mu gihugu Ca Zambia Arakaza Mac Arthur yahavuye ahabwa amasezerano mu mugwi Dynamos Fc

Akaba yashize Umukono Ku masezerano yo gukinira Umugwi Dynamos Fc umwaka Umwe n’igice kuri uyu wa Mbere waraye uheze igenekerezo rya 31 Kigarama umwaka wa 2018.

Akaba agiye gukina muri uyo mugwi Dynamos Fc uri mu gisagara ca Lusaka avuye mu mugwi Kakamega Homeboys wo mu gihugu ca Kenya aho yari ahamaze imyaka ibiri muri uyo Mugwi.

Yaciye mu migi ikoma komeye ya hano iwacu nka Vital’O Fc , LLBS4A, Aigle Noir , Akina mu gihugu c’africa y’epfo nka SA Academie , Akina mu Buganda mu mugwi Villa Fc hamwe na Kakamega homeboys muri kino gihe akaba agiye gukina mu mugwi Dynamos Fc wo mu gihugu ca Zambia.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807