BurundiDevelopmenthomepagekirundi

Bimwe mu binyuranye uwurongoye Senat yipfuje ko abaririmvyi boza bararirimba

Inyuma y’umubonano yagiraniye n’Umukuru wa Senat, umushingamateka Reverien ndikuriyo, ku musi wa mungu igenekerezo rya 17 munyonyo, umuririmvyi Cedric Bangi yaramenyesheje abamenyeshamakuru ko uwo mutegetsi yamenyesheje ko ashigikiye ibikorwa abaririmvyi bakora na cane cane mu bijanye n’ukunwanisha Abarundi.

Hejuru y’uko gushima yamara ngo uwo mutegetsi yarashikirije icifuzo kijanye n’ivyo abaririmvyi boza baragarukako mu majambo y’indirimbo, aha akaba yavuze na canecane ko bokwibanda ku bijanye  n’iterambere ry’Igihugu, ugutsimbataza ubumwe hagati y’Abarundi hamwe rero n’ibijanye n’amahoro n’ubutungane.

Nayo ngo mu kurangiza yahejeje yiyemeza ko agiye kuzofata mu mugongo abaririmvyi mu gutuma  ingabirano zabo zinyuranye zisununura.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768