BurundiEconomyhomepagekirundi

Ibanki nkuru niyo yonyene yemerewe kugura no kugurisha inzahabu

Mw’itangazo ryaraye risohowe kuri uyu wa mbere itarike 25 Munyonyo 2019 n’ubushikiranganji bw’amasoko ntanga nguvu, ubutare n’agataka , abadandaza bose b’inzahabu bazifise mu bubiko basabwa kuzigurisha vuba bwango kuri banki nkuru y’igihugu.

Ikindi nuko banki nkuru y’igihugu BRB ariyo yonyene ifise ububasha bwokugura inzahabu zicukurwa n’amakoperative. Igura n’igurishwa ry’inzahabu kuvyo bita amakontware vyahagaritswe.

Iyo ngingo yerekeye inzahabu gusa, ariko amashirahamwe agura ubundi butare asabwa nahonyene gukoresha amafaranga y’amarundi gusa mukugura ubwo butare nkuko bitegekanywa n’amategeko.

Ubushikiranganji bukagabisha ko uwuzobirengako azohanwa hisunzwe amategeko mpana vyaha yahano mu Burundi.

Mu kurangiza iryo tangazo, Umushikiranganji Come Manirakiza yariteyeko umukono ahamagarira inzego zishinzwe abasohoka n’abinjira mu gihugu, ikigo gitoza amakori n’amatagisi(OBR), Ikigo kijejwe ubutare n’amakariyeri, ubushikiranganji bw’ubutungane, ubw’intaro yohagati mu gihugu, ibanki nkuru y’igihugu(BRB) n’inzego zishinzwe kugenzura ikibuga c’indege ca Bujumbura kwubahiriza izo ngingo kuva umunsi zaterewe umuko

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766