kuva kuri uyu wa Kane waraye uheze igenekerezo rya 03 Nzero umwaka wa 2019 niho ihiganwa ryitiriwe umukuru w’igihugu ryatangura icese.
Uku Niko imigwi yatsindanye: – Royal Fc yatsinze Nyabitsinda Fc yo mu Ruyigi ibitsindo 4 Ku 0 — Flambeau de l’est yanyagiye Béthanie de Gitega ibitsindo 7 Ku 0 – Les Jeunes Athletic yanyagiye Pneu Fc de Mubimbi ibitsindo 3 Ku 0 – Les Lierres Fc yanganije na Aigle Noir Mairie igitsindo 1 kuri 1 baca bakina za perenati Les lierres uca utsinda peranati 2 kuri 1 . Izindi nkino zikaba zitegekanijwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 4 Kigarama. Zikaba ari izi zikurikira: – Ku kibuga c’i Gitega isaha indwi 13h00 Athletic Olympic uza guhura na Mamba Fc de Karusi – Ku kibuga c’igitega Isaha icenda n’igice 15h30 Olympic Star uza guhura na Intaramvyi de Kinyinya – Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore Isaha indwi 13h00 Bumamuru Fc uza guhura na Academies Umutima yo mu cibitoke – ku kibuga citiriwe Umuganwa Ridoviko rwagasore Isaha icenda n’igice Buja city izo kwakira Mepenz Fc ya Mutimbuzi


















