EconomyFinanceshomepagekirundipolitics

Joseph Butore : “Mu gihe bigaragaye ko bakoze amakosa barahanwa hisunzwe amategeko”.

Aho yari yatumiwe mu nama nshingamateka kugira ngo ashikirize ivyaranguwe mu bushikiranganji bumwegukira, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yarahumurije abashingamateka n’abakenguzamateka.

Kuri uyu wa kabiri wararaye uheze igenekerezo rya 7 Kigarama 2019 niho icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore yari mu nama mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka gushikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bwegukira ibiro vyiwe aribwo : ubushikiranganji bujejwe ibijanye n’ubutunzi hamwe n’ubukurikiranira hagufi ibijanye n’imibano.

Abashingamateka n’abakenguzamateka baramubajije ibijanye n’amahera ava mu butare ko yose yoba yinjira muri Reta nawe araheza arabahumuriza mu kubamenyesha ko amahera yose ava mw’idandazwa ry’ubutare ko aja mu gikega ca Reta.

Abo batowe n’abanyagihugu bashatse kumenya ko amashirahamwe mvamakungu akora mugisata co gucukura ubutare ko ahanwa iyo bigaragaye ko yakoze amakosa, maze nawe abamenyesha ko hari nayari yemerewe kugira ubushakashatsi bwahari ubutare ariko yahavuye afutwa kubera amakosa yakoze.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore arashima ivyaranguwe n’ubushikiranganji bwegukira ibiro vyiwe kuko ngo amahangiro bwari bwihaye yashitsweko yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758