BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Aba Comedien bagitangura bimwe ikibanza muri Kigingi Summer Comedy

Aba Comedien bacirondeza ngo ntibagiye gusubira kuboneka muri Kigingi Summer Comedy, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kigingi ubwiwe, aho yaganira n’umwe mu bamenyeshamakuru b’abarundi.

Uwo Mugabo asigaye ari rutumwako mu Burundi no mu karere muri comedie, yavuze ko umukenyuro yawuhinduye, kuko igiteramo ca Kigingi Summer Comedy kitagisubira Kandi kwitabirwa n’aba Comedien abaribo bose.

Uno mwaka uwo Mugabo akaba yerekanye ibihangange bitari bike bizomufasha kuryohera abafana ba Kigingi Summer Comedy. Muribo harimwo abarundi bakorera mu Rwanda nka Mike Senganzi na Bareth, Abanyarwanda nka Kimenyi Herve na  Babou, Abarundi nka Mutima le Comedien na Raoul, hamwe n’abandi ariko b’ibicocoro.

Mu kiganiro yahaye Juste Gael, Kigingi yavuze ko abakinyi ba Comedy bakiriko barirondeza, ngo ntibagiye gusubira Kandi kuboneka muri ico giteramo kiba 1 mu mwaka, aho akaba yashikirije ko igituma ngo Ari kubera hamaze kuboneka imyidogo myinshi mu bitabira ico giteramo.

Papa Enora akaba yashikirije ko abaja muri ico giteramo bashikirije ko vy’ukuri abagitangura, ata kintu kiryohera ugutwi bashikiriza Kuri iyo Stage yakira abatari bake mu bihangange vya Comedy.

Kigingi naho wumva umengo abateye akagere kuko baba bataramenyera uwo mwuga amaze kumereramwo imvi, ariko ngo abafitiye uwundi mugambi bo.

Mugenzi afise umugambi wo gutangura gutunganya ibiteramo bito bito kugira abo ba Comedien bacaruka, ngo babe barimenyereza, Imbere Yuko Baja Kuri Stage zinini zinini.

Iki giteramo kirindiranywe igishika, kikaba citezwe mu mpera z’ukwezi kw’8, aho azoba Ari igenekerezo rya 20, Kuri Mess des Officers guhera isaha cumi z’umuhingamo. Ukwinjira mu bwugamo bw’iteka akazoba Ari 50,000, nayo 10,000 akaba azoba mu bibanza bisanzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760