BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ubutumwa bwa Big Fizzo Kuri Kidum ngo Burimwo amakosa 

Big Fizzo naho we ata Mutima mubi yavyandikanye, ariko bamwe mu babonye ubutumwa yarungikiye Kidum babubonyemwo amakosa.

Ukubona Big Fizzo na Kidum kwi foto imwe, vyatumye abafana basaba ibirengeye ivyo bari bahawe biciye muri Commentaire ku rubuga rwa Big Fizzo.

Abo bagabo babiri baraye bitabiriye igiteramo bari bateguriwe na Van Beach, babonetse kw’ishusho rimwe baganira. Iryo shusho ryabonetse ku rubuga rwa Big Fizzo rwa Facebook, ryavugishije abatari bake.

Nkuko twabashije kubibona, bamwe bakaba bagize ico bashikiriza kw’ijambo Big Fizzo yakoresheje mu guherekeza iryo shusho, abandi bavuga kuri Kahise kabo.

Iryo shusho, Big Fizzo yari yariherekezesheje amajambo avuga ngo azokwama azirikana ivyo yamukoreye, yanditse mu gifaransa agira ati :” Mukubwa Kidum Kibido Je te serai Toujours reconnaissant.”

Ayo majambo nkuko nari ndabishikirije bamwe bayavuzeko, aho bavuze ko uwo muririmvyi Big Fizzo atanze akarorero keza kuba yoshimira Kidum, kuko azwiko ariwe yamufashe ukuboko, biciye mu bikorwa co kimwe no kumufasha ku bindi.

Abo bafana Kandi banagarutse basaba abo bagabo babiri basanzwe banafitanye Indirimbo ko boraba bagasubira Kandi kubaha igikorwa gishasha. Ibi bikaba vyasabwe n’abatari bake mu bagize ico bashikiriza Kuri iyo Post yakozwe na Big Fizzo.

Mu bandi babonetse bagira ico bashikiriza, n’abasa n’abakosora ivyo Big Fizzo yanditse, aho ngo yari kwandika MKUBWA ariko we akaba yanditse MUKUBWA. Ibi Mugani akaba ashobora kuba yabigize abibona, kuko ururimi rw’igiswahiri aruzi kuva akiri muto cane, none aheruka gukwiza 45 y’amavuko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759