BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Aba Diaspora babuze muri 20 ziriko zihiganwa muri Isanganiro Awards

Ku ncuro igira icumi, insamirizi Isanganiro yasubiriye kandi gutunganya ihiganwa Isanganiro Awards, hakaba hanamaze gushirwa ahabona indirimbo 20 zizohiganirwa ikibanza ca 1 muri iryo higanwa ritanguye kutabonwa neza.

Kuri urwo rutonde, ntihabashije kubonekamwo nko mu mwaka uheze abo muri Diaspora, habonetse abigeme, abakora umudiho wa Rap eka n’abaririmvyi b’indirimbo zihimbaza Imana.

Kuri urwo rutonde nyene, hari abaririmvyi bagarutse incuro zibiri zibiri, abo nabo ni nka MB Data na Esther Nish. Kuri urwo rutonde kandi hanabonetsemwo umugwi Etoile du Centre nabo baheruka gusubira kumara inyota abakunzi babo.

Kuri urwo rutonde, umuririmvyi Double Jay yatahukanye iryo higanwa mu mwaka uheze, akaba atabashije kubonekamwo kandi ariko Kirikou mugenziwe banaririmbanye iyiheruka gutwara ico kibanza we akaba yabonetsemwo.

Mukamenya ko izo ndirimbo zidatorwa na Isanganiro, ahubwo abamenyeshamakuru n’aba Dj aribo batanga indirimbo 10 zakunzwe noneho bagatoramwo 20 zagarutse kenshi.

Urwo rutonde ni uru rukurikira:

1. Yoo by Trey Zo and Rappy Boy

2. Indyarya by Emery Sun

3. Away by We love music

4. Pakuchena by Natacha

5. Hahiye by Alvin Smith

6. Ekissa by Victorious team

7. Come and see by Ester Nish

8. Kora by B Face

9. Arabesha by Meili

10. Malo by We love music

11. Timbirako by Mb Data

12. Bandyayera by Mb Data

13. Burundi bwanje by Tetero Laurette

14. Ntunkologe by Ester Nish

15. Aka kera by B Face

16. Uri mwiza by Bonaventure Nick

17. Biraharawe by Kilikou

18. Yakoze ibikomeye by Pin Paj

19. Gufosinga by Étoile du centre

20. Boss by Olegue

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721