Burundihomepagekirundisociete

Ababuriye ivyabo mw’isoko yo mu Kamenge bagiye kwungururizwa aho baba barakorera vy’imfatakibanza

Abadandaza bahora bakorera mw’isoko ya Kamenge iheruka gusha ngo bagiye kuba barashizwe vy’imfatakibanza mu kibanza kiri hagati y’ibarabara rya 11 na 12 muri zone Cibitoke, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana, akaba yabivuze kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 24 Gitugutu 2020 inyuma yo gusukura ahahora iyo soko mu gukuramwo ibisigarira vy’ivyahiye.

Jimmy Hatungimana yavuze ko icihutirwa ubu ari uko bagiye gutegura ico kibanza gishasha kugira babe bararonka aho bakorera mukurindira ko iyo soko isubirwamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765