HealthhomepagekirundiWorld News

Abafaransa bafise ubwoba kubera ama Mask bambara zibonekamwo ama Puce Electronique

Mu gihe mu Bufaransa naho ryabaye itegeko nkaho inyuma ya Kanyaru kwambara Mask benshi bakunze kitwa agafukamunwa, abafaransa batanguye kugira amakenga akomeye.

Nkuko amakuru dukesha ikimakuru co mu bufaransa, ngo muri ico gihugu muri tumwe muti utwo duukamunwa ngo habonetsemwo ico bita PuceElectronique, aho bamwe babona ko Leta yoba ishaka kuza irabakurikirana ngo imenye ivyabo vyose.

Ku musi wa gatanu mu kiganiro kuri imwe mu mboneshakure z’ico gihugu, hari umunyagihugu yabajije ivy’izo Puce Electronique, abibaza umuyobozi ajejwe amagara y’abantu. Niko kumwishura ko hari izirimwo izo Puce ariko ngo s’iza bose.

Uwo muyobozi yavuze ko izo Mask zagenewe abakozi bakora mu mahinguriro. Igituma ngo nuko baba bakenye guharura kangahe izo Mask ziba zameshwe, kuko inyuma y’incuro ziri hagati ya 30 na 60, baraheza bagaca bazita.

naho biruko abafaransa batari bake barafise amakenga, kuko hari na Application yari yarakozwe bise STOPCOVID, ikaba yari imaze gushirwa mu duhamagazo (Download) incuro zirenga 2,000,000 kuva mu kwezi 6 ishirwa ahabona, ariko ngo abatari bake ngo boba bahavuye batangura kuyikura muri utwo duhamagazo kuko batabona akamaro kavyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755