BurundiDevelopmentEnvironnementhomepagekirundi

Abahinga bavumbuye ico bagiye gukoramwo amacupa atabora

Komine Mukaza yo mu gisagara ca Bujumbura ifadikanije n’ishirahamwe CEPRODILIC yatanguje umugambi wo gusukura igisagara mu gushiraho ibisandugu vyo gutamwo imicafu mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Iyo micafu igizwe ahanini n’amacupa ya atabora “plastiques” yari abangamiye ibidukikije.

Ishirahamwe  BCCO riyora imicafu niryo rizoyegeranya nayo CEPRODILIC rikaba ryiyemeje kuzofata ivyo bicupa maze ribihinguremwo ama carreaux canke ama “pavés”.

Abanyagihugu bari bamenyereye guta imicafu aho babonye basabwa ko bohindura ingendo bakitaho kuyita muri ivyo bisandugu.

Source : Burundi Eco

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768