BurundiEconomyÉnergieFinanceshomepagekirundi

Abajejwe intwaro n’umutekano b’aho hantu ngo bazoca babogozwa

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aragabisha abajejwe intwaro bo mu karere kazofatirwamwo urudandazwa rwa magendo.

Mu gihe hari haramutse hahimbazwa umusi wahariwe umutizakori, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yaboneyeho kugabisha abajejwe intwaro n’umutekano ko bazoca babogozwa bongere bashirwe imbere y’ubutungane mu gihe urwo rudandazwa ruzoba rufatiwe mu karere barongoye.

Evariste Ndayishimiye yamenyesheje kandi ko Reta arongoye yahagurukiye ikibazo c’urudandazwa rudaciye mu mategeko.

Nayo ku kibazo kijanye n’amafaranga mvamahanga cabaye akayoberabahinga, Evariste Ndayishimiye atera akamo abagwizatunga gushora ibidandazwa vyinshi hanze y’igihugu kugira ayo mafaranga mvamakungu ashobore kuboneka ku bwinshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766