BurundiEnvironnementhomepagekirundi

Abakibitunze basabwa kurya akara ikigo OBPE kugira babisubize aho bitegerezwa kuba

Ikigo kijejwe gukingira ibidukikije OBPE (Office Burundais pour la Protection de l’Environnement), casubije mu ruzi rusizi kuri uno wa gatatu, ingona zitatu zari zitunzwe n’umuntu aba muri karitiye Kabondo, komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, akaba yabahamagaye ngo bazitware kuko ngo zari zimaze imisi zimugora.

Hatungimana Berchmans arongoye ico kigo OBPE amenyesha ko kuva mu mwaka w’2019 bamaze gusubiza mu ruzi Rusizi ingona zirenga 40 bakuye mu mihingo itandukanye, akanashimira abenegihugu bamaze gutahura ko hariho ibikoko bitabana n’abantu, bitemerewe kwororwa mu buryo budakingira ibidukikije.

Yaboneyeho kandi gutera akamo abenegihugu bagitunze ben’ivyo bikoko na cane cane mu gisagara ca Bujumbura aho hakunze kwibonekeza abantu bazitungira nko mu bunywero n’ahandi, ko bobarya akara bakabikura aho babitungiye kugira babisubize aho bitegerezwa kuba bitarabatera ingorane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764