homepage

Abakinyi 3 ba Flambeau du Centre bahagaritswe hamwe n’umukunzi wayo

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryafashe ingingo yo guhana mu guhagarika abakinyi 3 n’umukunzi (umufana) w’umurwi wa Flambeau du Centre .N’ingingo isohotse Inyuma yaho abakinyi birukanze kugira bakubite umuhagarikizi w’urukino kw’igenrekerezo rya 11 Ruhuhuma 2024 rwahuje uyo murwi na Vital’o FC

N’ingingo yatangajwe n’igisata kijejwe gutunganya amahiganwa mw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB,iryo tangazo rikaba rimenyesha abakunzi b’umupira w’amaguru ko gihagaritse abakinyi batatu b’umurwi wa Flambeau du Centre hamwe n’umukunzi (umufana) w’uwo mugwi . Abo nabo ni umunyegori agira kabiri w’uwo mugwi Ismail Sinzobakwira, Muryango Moussa hamwe na Ndayishimiye Abdoul tutibagiye n’umukunzi w’uwo murwi azwi kw’izina rya Bigara.

Ibihano bafatiwe n’ivyo kutinjira mu kibuga biturutse kunyifato itari nziza berekanye mu rukino rw’indwi igira 20 rwabahuje na Vital’o Fc ku musi w’imana Igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2024 ku kibuga I Ngoma I Gitega , igihe urukino rwari rwarangiye abo bakinyi batatu baciye birukanga ku muhagarikizi yariko ahagarikira urwo rukino Manirakiza Bertrand kugira bamukubite Imana ica irangika abaporisi baca baramutabara.

Ico kibazo cabo bakinyi kikaba kigiye kwigwa n’akanama kajejwe indero mw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB habanje kwisunga amategeko agenga iryo shirahamwe .

N’umumenyereza w’umugwi Flambeau du Centre Rukundo Jean de Dieu aratera ivyatsi iyo nyifato itukisha umupira w’amaguru wa hano iwacu yakozwe n’abakinyi biwe , aho ashikiriza ko nawe nyene azotegerezwa guhana abo bakinyi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 670