Economyhomepage

Ruyigi:Haribonekeza ubukene bw’abakozi bo mu mirima

Ubukene bw’abakozi bo ku musi buribonekeza muri kino gihe co guteragira umuceri muri amwe mu makomine agize intara ya Ruyigi .Abarimyi bakavuga ko ivyo vyatumye n’amahera yo ku musi aduga.Bakaba bafise amakenga ko n’igiciro c’umuceri kizoshobora kuduga kubera uburyo buriko burakoreshwa muri kino gihe ari bwinshi.

Amakenga ashikirizwa na bamwe mu barimyi bo mu ntara ya Ruyigi n’uko muri kino gihe co guteragira umuceri abakozi bakora mu mirima ku musi ku musi babuze,abarimyi bakavuga ko muri vyavuye ko imvura yagiye ari nyinshi mu mpere z’umwaka uheze no muri uno mwaka utanguye bigatuma imirima yabo iterwa n’amazi gutyo ibikorwa vyo gutera umuceri Ubu bikaba vyahuriranye n’irima ry’ibindi biterwa.

Abasanzwe barima umuceri bakemeza ko muri kino gihe bigoye kuronka abakozi mbere n”abasanzwe bariko bararima baraheza bakaka amafaranga menshi . Umukozi yahora ahembwe 4500 Ku musi Ubu ageze Ku 9500.

Ubu abarimyi bakaba bahitamwo gukora igikonkwano aho imetero zitanu kw’icumi bazirima ku 3000 kandi Ayo mahera ariyo yahora ahembwa umukozi Ku musi .

Kubera iryo duga ry’amafaranga y’umukozi ,bamwe n’abandi basigura ko ico giciro cirwije kabiri gishobora kuzotuma n’umuceri uzimba n’a cane cane ko haraho imyaba yaraye kubera kirimwo amazi menshi .

Abo banyaruyigi babona ko reta yofasha muguca imifurege itwara amazi gutyo kugira isi ndimwa ikingirwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671