homepage

Umumenyereza w’umurwi wa Bumamuru FC nawe agiye muri FFB

Olivier Niyungeko amenyereza umugwi Bumamuru Fc wo mu Cibitoke agiye kurengutswa yisigura mu gisata kijejwe indero mw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi .

Ukurengutswa kwa Olivier Niyungeko batazira Mutombola kuremezwa n’uwurongoye igisata c’abahagarikizi mw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , Evariste Murengerantwari mu kiganiro indundi Sports co kuri uyu wa kane Igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2024 aho yari umutumire .

Murengerantwari Evariste yishuye kandi ku kibazo kijanye n’icatumye igisata c’inkino mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi gihana Abakinyi ba Flambeau du Centre bonyene mugihe Alain Olivier Niyungeko mu misi iheze nawe nyene yahatswe gukubita umuhagarikizi inyuma y’urukino rwa Bumamuru Fc hamwe na Vitalo Fc, aho Vital’o Fc yatsinze igitsindo 1-0 .Evariste yishuye ko na Olivier Niyungeko nawe nyene agiye kurengutswa n’akanama kajejwe indero mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kugira yisigure.

Evariste Murengerantwari amaze imyaka 2 arongoye igisata c’abahagarikizi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668