BurundiEntertainmentIndundi Cinemakirundi

Abakinyi b’amareresi bagiye kuronka isaganirizo

Inyuma yuho Agence Itulive yari ihurikiyemwo abakinyi b’amareresi b’abarundi ibikorwa vyayo bisa n ‘ivyahagaze , abenshi bakabura aho begamira , ndetse benshi muri bo baca barahagarika no gukina amareresi hoba hagiye kuboneka akarusho.

Ni muriyo ntumbero Ndemeye Alice , arongoye umugwi Espoir et Amitié umaze imyaka ibiri wagiye hamwe kugira ushire ahabona ibikorwa vyawo biciye mu gukina amareresi ari mu ndimi zitandukanye ,yashimye gushinga Ishirahamwe ry’abakinyi b’amareresi ” AGARCIB ” (Agence des Artistes Cinéastes du Burundi ” )mu mpfunyapfunyo .

Iryo shirahamwe rero rikazokwegeranya abakinyi bo mu migwi itandukanye , abakinyi b’ama films , feuilletons n’ama Théâtres basanzwe bafise iyo mpano canke basanzwe bazwi nk’abakinyi.

Iryo shirahamwe rikazoba rizanye akarusho kanini kumvo zuko umukinyi wese azoba ari muriryo shirahamwe akazoba afise amahirwe menshi yo kuronka ubuzi butandukanye ,bwaba ari ubwogukina canke ubwo kwamamaza ibidandazwa canke ibikorwa vy’amashiramwe .

kakazoba ari akarusho kubadandaza canke abarongoye amashiramwe kuberako bazobasha kuronka ababamamariza ibikorwa vyabo , ivyo bikazobasha kubateza imbere bose.

Ndemeye Alice akaba asaba ko abakinyi b’amareresi boshigikirwa, agasaba abarwizatunga gushira imitahe mu gisata c’amareresi kugira hakorwe amareresi meza ashobora no kudandazwa mu makungu, ku mvo zuko igihugu cacu kiri mu bihugu bikiri inyuma mu gisata c’amareresi.

Mwomenya ko iryo shirahamwe rizotanguza icese ibikorwa vyayo mu ntango z’uwu mwaka buca dutangura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590