Healthhomepagekirundi

Abakora agakingirizo DUREX umunezero ni wose, kuko abakora imibonano mpuzabitsina biyongereye

Abakora imibonano Mpuzabitsina ngo bariyongereye muri aya mezi 3 ya mbere y’umwaka wa 2021 nkuko ikigo gihingura udukingirizo “DUTEX” kibimenyesha. Ivyo bakaba babivuga bafatiye kuko ibicuruzwa vyabo vy’uwu mwaka vyiyongereyeko ibice birenga 10% ugereranije n’umwaka wa 2020.

Imvo n’imvano y’ukwo kwiyongera abo bahinga bakaba bavuga ko kwavuye kuko mu bihugu nk’ubushinwa, amerika n’ibindi bitandukanye za guma mu rugo ziriko zirakurwaho.

Iryo shirahamwe risanzwe rikora ibikoresho n’ibiribwa vyifashishwa mu bijanye n’imibonano Mpuzabitsina, rikaba ariko rinavuga ko ivyo bindi bikoresho atari udukingirizo ngo navyo muri kino gihe bisa n’ibitagurwa nkuko vyagurwa mu gihe nkiki mu mwaka uheze.

Mu mwaka uheze hatangura guhagarikwa ubuzi hirya no hino kw’isi, hanashirwaho za guma mu rugo, amashirahamwe atandukanye arimwo ayo mu bushinwa, n’ibindi bihugu vyo muri aziya (Asia) asanzwe akora udukingirizo vyari vyamenyesheje ko bagiye kugira uruhombo rukomeye cane kuko abakozi batazosubira gukora ari benshi, gutyo ibura ry’udukingirizo ikiyongera, ariko kandi n’igiciro ku masoko ngo bikiyongera.

Mu mwaka uheze ikinyamakuru BBC camenyesha ko ugukora imibonano Mpuzabitsina ngo vyari vyagabanutse cane bivuye ku bibazo bari batewe n’iki kiza ca Corona Virus, hamwe n’agahinda kenshi karangwa muribo.

Icizere rero kuri iryo shirahamwe Reckitt ngo ni cose, bakizera ko utwo dukingirizo tuzobandanya tugurwa ku bwinshi na rirya ibihugu bitari bike bibandanya bikuraho za guma mu rugo mu bihugu bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755