Bamwe mu bakozi b’ishirahamwe rihingura ibintu bitandukanye vya plastike basaba kuronswa amasezerano y’akazi burundu hamwe no guhemberwa amasaha bakoze inyuma y’amasaha y’akazi.
Abo bakozi b’ishirahamwe BRA Manufacturing bavuga ko bamwe muri bo bamaze imyaka hafi 10 barikorera , mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu bazindutse bahagarika akazi basaba cane cane gutekanirizwa kazoza mw’ishirahamwe rya reta ryo gutegekanirizwa kazoza abakozi INSS no kuvuzwa.Abo bakozi baranasaba kandi ko boronswa amasezerano y’akazi burundu.
Umwe mubarongoye ishirahamwe BRA Manufacturing Jean Paul Manirakiza yemeza ko abakozi bavuzwa bakanategekanirizwa kazoza.Umushikiranganji ajejwe abakozi n’akazi Venuste Muyabaga amaze kuhashika akumviriza impande zose yasavye abo bakozi ko bosubira ku mirimo, abakoresha nabo abasaba kugiriranira ibiganiro nabo barongoye mu gihe hadutse ibibazo.
Inyuma yukwumvikanisha abakozi n’umukoresha, umushikiranganji Muyabaga yamenyesheje ko kuva ku munsi wa mbere igenerekerezo rya 06 Munyonyo 2023 abagenduzi 2 bazoza gufasha ivyerekeye amasezerano y’akazi ya burundu kugira impande zose zihatorere inyungu hamwe n’ukurabira hamwe ivyerekeye ukuronsa agahembo abo bakozi ku masaha yinyongera bakoze inyuma y’amasaha y’akazi mu myaka iheze gutyo baheze batunganirizwe. Ni mu gihe ishirahamwe Zellen Group riraba muri kino gihe ivyerekeye abakozi b’ishirahamwe Bra Manufacturing rivuga ko mu ndwi itangura rizoheza guharura no kuriha abakozi bakoze amasaha y’inyongera muri uyu mwaka w’2023.
Inkuru yanditswe na Clairia Kankundiye