Educationhomepage

Umwaka w’ishure wa kaminuza w’2023-2024 watanguye

Abanyeshure bamwe ntibisanze ku intonde z’abahawe ibisata muri kaminuza y’Uburundi abandi basanze bahawe ivyo batasavye. Abari muri iyo mirwi bemerewe gusubiramwo gusaba ngobatunganirizwe.

Hari kuri uyu wambere igenekerezo rya 6 Munyonyo 2023 aho abanyeshure bari bazindukiye k’ubuyobozi bujejwe gufasha abanyeshure bakaminuza y’uburundi mw’i Rohero ahitwa IPA.Aha bariko baraba ibisata bahawe baja kwiga.

Hari koko abaronse kimwe mubisata bitatu bari bacaguye kandi barashima. Ariko hari abandi batibonye kuri izontonde .
Abo babwiwe n’ubuyobozi bwa kaminuza gusubira gusaba ibisata bari basavye gushasha.
Gusa muri abo hari abavugako baca bagira ikibazo c’ugusubira muntara iyo bavuka kuko kuribo umwaka w’ishure utaratangura kuko atashure beretswe bigamwo.
Abandi basanze barahawe igisata baja kwigamwo ariko kitari muri bitatu bari basavye. Abo bakaba nabonye basabwe gusubirishamwo ivyo bita recours; ariko umuyobozi wa kaminuza y’uburundi Audace Manirambona abasaba kuba bariga ibisata bahawe . Asigurako atari ngombwa ko ibisata basubiriye gusaba abe arivyo bazoca bahabwa. Aha atanga akarorero ko hari abanyeshure basavye ibisata batemerewe kubera amanota baronse mukibazo ca Reta ari make.

Urubuga https://inscription.ub.edu.bi rwarashizwe na kaminuza y’uburundi kugira uwubikeneye ahagirire ivyo gusubirishamwo (recours). Urwo rukaba runorohereza abatisanze kuntonde bari muzindi ntara bataramanuka i Bujumbura.

Abanyeshure bakaba basaba abajejwe gutanga ibisata kwisunga ivyo baba basavye , niburiburi bakabahamwo kimwe muri bitatu baba barasavye.

Inkuru yanditswe na Jotham Iratuzi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 640