homepagekirundi_Sports

Fondation Patrick Ngoga yuguruye urukino rw’umupira w’amaguru ku bagendana ubumuga mu ntara ya Cibitoke

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 01 Munyonyo 2023 igihe c’isaha icenda 15h00 mu Cibitoke aho bita kuri Centre Paroise , aho Fondation Ngoga Patrick ifasha abagendana ubumuga , yari yatanguje icese urukino rw’umupira w’amaguru rw’abagendana ubumuga muri iyo ntara.

Urwo rukino rwahuje umugwi wa Turashoboye Fc w’i Bujumbura hamwe n’umugwi w’ Urukundo Fc , urukino rwarangiye umugwi Turashoboye Fc utsinze Urukundo Fc ibitsindo 4 kuri 1 .

Nduwimana Justin yinjije ibitsindo 2 hamwe na Ntahiraja Mike yinjiza 2 , mugihe Irakoze Salum wa Urukundo Fc niwe yinjirije ico gitsindo kimwe umugwi wiwe .

Cibitoke ikaba ibaye intara igira gatatu bugururamwo icese izo nkino z’umupira w’amaguru z’abagendana ubumuga inyuma ya Bujumbura hamwe na Ngozi .

Mwomenyako urwo rikino rwari rwitabiriwe na bubahwa batandukanye harimwo Jean Paul Manirakiza Appotre asanzwe arongoye urukino rw’umupira w’amaboko Basketball , umuhanuzi wa Buramatari , uwurongoye Fondation Ngoga Patrick , icegera ciwe , uwuserukira ishirahamwe ry’abagendana ubumuga mu Burundi hamwe na Patiri Isaac.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 819