BurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Abakozi bo mu maposita ngo bagiye guhagurukirwa

Umushikiranganji ajejwe itumatumanako ry’amakuru aragabisha abakozi bakorera muri posita y’Uburundi ku bijanye n’ubunyonyezi buvugwayo ko bagiye guhagurukirwa.

Marie Chantal Nijimbere ahamagarira umwe wese mu bakora muri ico gisata, gufasha kugwanya iyo ngeso mbi itabahesha agaciro kuko isubiza inyuma ubutunzi bw’ico gisata n’igihugu muri rusangi.

Umushikiranganji Marie Chantal Nijimbere abishikirije mu gihe igenekerezo rya 9 Gitugutu uko umwaka utashe kw’isi yose hahinbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe amaposita.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769