HealthhomepagekirundiWorld News

Abamaze gukira Corona-Virus bahimirizwa gutanga amaraso yabo

Muri Leta zunze ubumwe za amerika muri leta ya New York ahari abantu benshi bamaze gufatwa n’ikiza ca Corona Virus, hatanguye gukwiragizwa ubutumwa kugira abamaze gukira ico kiza bafashe abatarakira.

Ukwo kubafasha nkuko amakuru dukesha France 24 abishikiriza ngo gufatiye ku gutanga amaraso yabo kugira abashakashatsi baronke uko barondera urucanco canke umuti w’ico kiza kimaze gufata abarenga 300,000 muri ico gihugu.

Ayo makuru abandanya avuga ko hari bamwe mu bagwayi bamaze guterwa abasoda b’umubiri ba bamwe mu bari bagwaye ariko bakize. Muga naho biruko ngo haracari kare kugira bagire ico bavuga ku nyishu zuko abo basoda babashije gukora.

Ivyo biriko bisabwa n’abo bakize mu gihe igihugu kiza mu kibanza ca 1 ku bamaze gufatwa n’iyo ngwara, kandi ababandanya babura ubuzima kubera ico kiza ari benshi cane, s’ico gusa kuko abaganga n’ibitaro bibandanya kurengerwa n’ubwinshi bw’abagwayi.

Mwokwibuka ko abarenga 1.000.000 bamaze gufatwa n’ico kiza ca Covid19, barimwo 3 bamaze kuboneka hano iwacu, nayo abashika 50.000 bakaba bamaze guhitanwa n’ico kiza catanguriye mu gihugu c’Ubushinwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755